DISCOURS DE CYRILLE NDAYIRUKIYE A L'OCCASION DE LA VISITE DE MANDELA LE 12 JUIN 2000
Nyenicubahiro Prezida Buyoya, ehh na Prezida Mandela,
Nyenicubahiro Umushikirangaji wa mbere w’Igihugu c’Ubuganda
Bashitsi bahire mwese mwaje mugendanira Prezida Mandela,
Bashitsi bahire basangwa,
Ntwazangabo, bisongerezi vy’intwazangabo, basirikare,
Tugire amahoro (x2)
Tugire amahoro n’ubumwe mu Barundi no mu basirikare.
Baduhaye ijambo mu rurimi rwacu rw’ikirundi. Munkundire iri jambo ry’intangamarara na jewe ndarishikirize mu Kirundi kubera ko ng’aha tuja kuganira nk’uko dusanzwe tuganira n’abasirikare igihe cose bikenewe.
Ba Nyenicubahiro ba Prezida, bashitsi bahire, ntwanzangabo, bisongerezi vy’intwazangabo, basirikare,
Nk’uko mubibona, Prezida Mandela yashoboye gushika kw’ijambo yari yiyemeje aho aheruka ino, ryo kuzogaruka kuramutsa igihugu cacu, akaganira n’abategeka igihugu cacu, akaganira n’inzego zose mbere n’abarundi bose, atibagiye abasirikare.
Nk’uko yari yabivuze, igihe aheruka ino yari afise akanya gato. Yabishoboye gushika ng’aha. Tukaba rero tumukengurukiye cane rwose kubona yigoye akava mu gihugu c’i wabo akaduhebera iminzi itatu; ni ibintu bihambaye cane rwose. Abasirikare mu gukerunguruka dukubita ”salut” mugabo ubu ndabasavye mumukomere amashi kumwe mu Kirundi duhora tubigira.
Nyenicubahiro Prezida Mandela
Aha ndiko ndavuga ka Bushikirangaji bwo Kwivuna Abansi, na je ndahimabawe gushobora kubashikiriza aba basirikare kugira ngo mubashikirize inkuru y’imvaho kuri uwo mugambi w’amahoro, kuko abasirikare b’Uburundi, ibiganiro vy’amahoro ni ibintu bakurikirana cane rwose, na cane cane ivyerekeye ikibazo ca gatatu cerekeye amahoro n’umutekano kuri bose.
Twararonse akanya ko kubibashikiriza igihe twabagendera muri Afrika y’Epfo, twarabemereye, kandi ntidukekereza, ko abasirikare bose b’Uburundi bashigikiye umugambi w’amahoro, kandi barindiriye icovamwo coza gikiza iyi ntambara Uburundi. Ikintu barindiriyeko inyishu ni ikihe? Ni icerekeye “integration.”
Nyenicubahiro Prezida Mandela,
Mwaraye mushikirije kuri ico kibazo iyindi ntambwemu kwemeza ko twoshigikira ko mu rwego rwa gisirikare hoba mirongo itanu b’abahutu na mirongo itanu b’abatutsi. Ni intambwe ikomeye cane kuko kuri aba basirikare bari ngaha buzoba bubaye ubwa mbere bumva ibintu nk’ivyo kuko ntibari bazi inyishu ishobora kuzotangwa kuri ico kibazo.
Mwaraye rero muganiriye na bakuru b’aba basirikare i Bujumbura. Mwarumvise aho bahagaze. Bavuze bati “Twebwe integration yo mu gisirikare, ko igisirakare kiba ic’abahutu n’abatutsi, turabishigikiye, nk’uko na kare twari tuzi ko ari ic’abahutu n’abatutsi, kuko igisirikare c’Uburundi gitegerezwa kujamwo abana bose b’Uburundi.” Aba intwazangabo, commandement nkuru y’i Bujumbura yarabibashikirije ko ibashigikiye. Mwarasavye ko bovuga neza ico bagiye gukora kugira ngo uwo mugambi wa 50 ku bahutu na 50 ku batutsi ushirwe mu ngiro,
Mwarumvise ko bababwiye bati “Twosaba y’uko ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi ryobanza rikirwa neza, rikanonosorwa.” Twovuga rero y’uko barashigikiye ko abahutu n’abatutsi boja muri uwo mugambi, kandi twouga y’uko ivya mirong’itanu na mirong’itanu, ntibibateye ubwoba. Ibibateye ubwoba kuri ivyo barabibashikirije, ndaza kubibabwira neza kugira ngo abasirikare na vyo bavyumve. Ariko kandi basaba y’uko imbere y’uko ivyo vyose vyogirwa, vyobanza bigasubira bikirwa neza mu ..mu bundi buryo. Nk’uko abasirikare n’ababarongoye bama basenyera ku mugozi umwe, uwo mugambi wa mirongo itanu kw’ijana ungana ku bahutu no kubatutsi ndashobor a kuvuga ico abasirikare bashobora kuba babifitiyeko ubwoba.
Bagira bati: “None ko mu gisirikare, tucinjira mu gisirikare batatubajije ubwoko bwacu, ubu bugiye kumera gurtyo.” Canke bashobora kwibaza bati : “None, eee ko twumva ko ari mirongo itanu b’abahutu na mirongo itanu b’abatutsi, tukaba tuzi ko aba “rebelles” ari abahutu gusa, none muri abo 50 b’abahutu, igice c’aba rebelles kizongana gute, igice c’abahutu bo bari mu gisirikare, bo iki, urubanza, uruhande bazojamwo ni uruhe; igice c’abahutu bobo bariko bararuka bakeneye kuzoja muri ico gisirikare, bobo ikibanza c’abo kizongana gurtyo?” Ivyo ni ibintu bibateye amadidane, ndavyibaza.
Ikindi gishobora kuba kibateye amadidane, ni ukwibaza bati “None, ivyo ko bagomba kubishira mu gisirikare, hamwe uwo mugambi woja mu gisirikare, mu zindi nzego zose z’igihugu hoho bizoca bimera gurtyo? Abandi ntibazoc a basaba, nko muri parlement, ko haba mirongo itanu, bakanganya hose? Canke muri Leta, canke mu baganga? Canke mu bacamanza?” Ivyo na vyo ni ivyo bashobora kwibaza abasirikare. Ikindi kibazo bashobora kwibaza bagira bati “None eee uwo mugambi… ni ko koko urashoboka turavye ivy’igihugu uko bimeze?”
Turizigiye ko mwashitse ng’aha, ko mwosobanurira neza abasirikare kugirango mwifuza ko boshigikira ico ciyumviro bakagishiki... bakagishigikira bacumva neza.
Irindi jambo nagomba gushikako, Nyenivubahiro Prezida, ni kubabwira neza uko abasirikire bacu b’i Burundi bameze kugira ngo mubashikirize ijambo muzi uko bameze.
Barimwo abahutu n’abatutsi. Ariko ng’aha ntidushobora kuvugana tuti naka ni umuhutu canke ni umututsi. Abenshi ng’aha ntituzinanye. N’abasoda dutwara ntitubabaz ako ari abahutu cnake abatutsi. Ntibirigera biba. Nimba harimwo abatutsi benshi, ivyo kandi ni vyo, abatutsini bensh…nib o benshimu girikare i wacu, abenshi basirikare bari ng’aha, ni abasirikare bakiri bato. Ntibazi ingene vyagenze. Ku buryo mu kwinjira mu gisirikare baje baje gukorera igihugu. Ntimubabaze rero y’uko hari uruhara bafise y’uko hari abatutsi benshi mu gisirikare canke abahutu bata bata … bake. Abasirikare bari ng’aha, nta ruhara na rukeyi babifisemwo.
Nashaka kandi kubasigurira ico abasirikare b’abarundi barwanira, ico iyi ntambara barwanira, kuko nt amusirikare arwana atazi ico arwanira; ico twita mu gifaransa ‘la cause.’ Tugize iminsi tuvuga ibintu vya genocide, ariko turabona ko I Arusha genocide yabaninye gutorer aikibazo gushika aho bayishinga amakungu mu bisanzwe abarundi ari bo bari kuyitorera ikibazo bo nyene. Ariko abasirikare b’abarundi nababwiye ko benshi ari bato. Benshi barwana bitegereje uko ibint u vyanbaye mu gihugu. Mu gihugu harabaye ubwicanyi. Ubwo bwicanyi …, mu kurwana abasirikare baraba uwutanguye kwica uwundi. Ejo bundi rero twarabonye y’uko … muri iyi ntambara twarabonye abatanguye kwica abandi. Twebwe igihe abahutu bariko baragwana, aha la cause armée y’Uburundi irwanira, ni uko ata muhutu yosubira kwica umututsi, kandi ata mututsi yosubira kwica umuhutu.
Harabaye instinct d’extermination aho abahutu bamwe bamwe bagira i programme yo kwica batutsi. Ivyo vyarabonetse.
Twarumvise ko mu myaka ya kera, aha abasirikare benshi nta vyo bazi, hashobora…habaye igihe abatutsi bishe abahutu. Benshi nta vyo bazi. Ingene ibintu vyagiye bikurakuranwa, ugasanga hatanguye abahutu, hat--canke uwatanguye nuwasubiriye, abasirikare benshi ntib- nta vyo bazi, mugabo ba- bashaka ko ata genocide y’ubwoko bumwe yogira iyindi. Twe rero, n’aho amakungu atagomba kuvyumva, ni genocide. Ico kibazo tugomba kukibasigurira y’uko umusirikare w’umurundi umusiguriye iyindi ngwano ita- idahagaze ku kurwanya genocide, ntimuzoshobora kwumvikana. Twashaka ko mubifata neza, mukazovyiga neza.
Ariko kurwanya genocide si kuvuga kwihorahorana. Ni kugira igisirikare cobamwo abantu badafise agatima ko kumarana. Turaba umuhutu mubi tukamurwanya, tukaraba umututsi mubi tukamurwanya, turetse ivyo gukingira imbibe.
Uwo mugambi w’uko igisirikare kibamwo abahutu n’abatutsi, baba ku rugero rungana baba ku ngero zitangana, igihambaye n’uko abo bahutu n’abatutsi bazoba bari mu gisirikare bofasha igihugu gitera imbere, igihugu ata muhutu n’umututsi yokwiyumvira kwica mwenewabo. Iyo- uwo ni we mugambi nyamukuru turiko turarwanira.
Eee ntabicishije amajambo eee nagomba gusozerera ng’aha, ariko nkabamenyesha y’uko ibi vy’uko tubandanya turwana tugira ibiganiro vy’amahoro, abantu ata co bazira bakaguma bapfa ku mabarabara; abasirikare ni ibintu bibabaza cane rwose. Ntidusaba ko rebellion bo – mwoyaka inkoho ubu; dusaba ko rebellion yoreka kwica abantu ku mabarabara, mu misozi. Nibashaka rebellion ize irwane n’abasirikare, nibashaka itere ibigo vy’abasirikare. Ariko kuva iki gihe dushaka ko ata muntu ata co azira yosubira kwicwa.
Nkaba ngejeje ng’aha, nkaba nsubiriye gukengurukira abashitsi b’iteka, hanyuma na mwe tugahava tubaha ijambo mukaja kumubaza ikibazo,
Tugire amahoro.