JEAN MARIE NDUWABIKE SUR LA BBC CONFIRME LA CONNECTION ENTRE LES GENOCIDE RWANDAIS ET BURUNDAIS
MOBUTU YARI YABURIYE NTARYAMIRA YONGERA ARAMUBUZA ATI MBERE SIBA KUJA MURI IYO NAMA, IZOBA IRABA NO HANYUMA ; UWUNDI ATI TWE NA HABYALIMANA TWIFITIYE UMUGAMBI…
IKIGANIRO JEAN MARIE NDUWABIKE YASHIKIRIJE BBC : « IMVO N’IMVANO" : 5/4/2008…
« Uburundi bwari bufise indege yari imeze nk’iriya ya Habyalimana, ariko muri ico gihe yariko isubirwamwo mu bihugu vya Bulaya. Muri ico gihe twakoresha indege ya Air Burundi bita Beach Craft. Aho irya ndege ya Habyalimana igize isaha imwe yoyo yahagira amasaha abiri.
Jewe nari Ambassadeur chef du protocole d’Etat ; ni je nategura ingendo zosi z’umukuru w’igihugu, mbere ngatako nkamugendanira ; ni ko vyagenze n’uwo munsi muri urwo rugendo yajamwo i Dar es Salaam muri Tanzaniya rujanye n’inama iraba ibijanye n’umutekano muri iki gihugu cacu. Nari namuherekeje. Twagiye mu ndege Beach Craft ya Air Burundi kuko iyo yaho iwacu ntiyari bwagaruke.
Twebwe rero ntitwashoboye kuba kumwe n’Umukuru w’igihugu kuko inama iheze, turiko turururuka muri Hotel Kilimandjalo, yatubariye yuko tworondera umushikiranganji Simbizi agaca afashanya mu kurondera abamenyeshamakuru twari twajanye ngo yegeranye ama cassettes bagiye barafata kugirango aze kumenya ivyo acishako kw’iradiyo canke kuri televiziyo…
Mbega iyo nama ko muvugako yari ihamabaye cane yari ihejeje kwiga ibiki ?
Iyo nama yari ihejeje kwiga ingene tworondera abasoda bo muri aka karere bafasha kugarukana umutekano muri iki gihugu cacu. Ivyo navyo nk’uko mubizi igihugu cacu cari mu ntureka ifatiye ku macakubiri y’ubwoko kuva Prezida Melikiyor Ndadaye agandaguwe. Ni co gituma Leta, irongowe na Prezida Ntaryamira, yari yipfuje yuko yorondera abasoda bavuye muri aka karere bofasha inzego z’umutekano z’igihugu kugarukana umutekano muri iki gihugu cacu.
Reka tugaruke rero kuri urwo rugendo. Urumva umukuru w’igihugu arakubwiye ati rondera umushikiranganji wo kumenyesha amakuru kugira tujane aje gutanga ama cassettes bayakoreshe kuri radiyo na televiziyo vy’Uburundi, ariko hariho uwundi mushikiranganji mwarikumwe, Bernard Ciza, yari ajejwe ibikorwa vya Leta, ko wewe yaje, aho ntihari kuja umugendanyi w’Umukuru w’igihugu ?
Iminsi yose muri izo ngendo twaba turimwo, na twebwe urumva twaba turi kumwe n’inyuma y’umukuru w’igihugu, mugabo umukuru w’igihugu yaragira abandi bamugendaniye mu ngendo bene izoonyi bafashanya ibikorwa muri Leta. Nico gituma Umushikiranganji Berenari Ciza yari umushikiranganji adasanzwe muri Leta y’ico gihe yagumanye n’umukuru w’igihugu uravye ibikorwa bari bavuyemwo. Ni co gituma mbere n’umushikiranganji Simbizi kubera ibikorwa yari ajejwe n’ivyo yategerezwa kuja gushikiriza uravye ivyashitsweko muri iyo nama, nawe nyene umukuru w’igihugu yagize ati reka abashikiranganji banje bosi twazananye tujane muri iyi ndege itebuka…
N’uko rero mwebwe muciye mwurira indege y’Uburundi Beach Craft ; hanyuma mwatera mugana hehe ; mwari muje i Bujumbura buno nyene canke mwari kubanza guca i Kigali guhitana Umukuru w’Igihugu ?
Indege ya Prezida Habyalimana imaze kuva hasi igafata ikirere twaciye natwe twurira indege y’iwacu twari twajanye hanyuma tugana i Kigali mu Rwanda kuko twari dufise mu ndege y’iwacu twari tuzanaye n’abasirikare batatu bari kumwe na Prezida Habyalimana bamucungerera Ubuzima kugirango tubanze tubashikane i Kigali mu Rwanda . Ntikwari ukugirango duhitane Prezida w’iwacu i Kigali mu Rwanda kuko iyo ndege yamuzanye ya Prezida Havyalimana yategerezwa kumushikana iwacu mu Burundi, n’ukuvuga kuri aeroport i Bujumbura.
Hanyuma muri mu kirere mwamenye inkuru ryari y’uko indege yarimwo umukuru w’igihugu, nako abakuru b’ibihugu babiri yagize isanganya hejuru y’i Kigali bose bakitaba Imana, mwabimenye mugeze hehe, mwabimenyeshejwe nande ?
Bene hamwe indege itegerezwa kuvugana na tour de contrôle igomba kwururuka ku kibuga c’indege niho bavuganye n’umupilote, umushoferi w’indege, twari kumwe w’iwacu, Rwamigabo, hanyuma baca bamubarira bati ni mubandanye mugende iwanyu ngaha ntimwururuke kuko indege yarimwo abakuru b’ibihugu ngahaanye yahiye, n’abarimwo bosi bitavye Imana. Ati bandanya rero iwanyu ntimubanze kwururukira ngaha kuko ngaha ntibimeze neza ntako mwokwururuka ngaha ku kibuga c’indege kandi vyabereye ngaha hafi iyo ndege kuko yari yaguye ku kibuga c’i Kanombe.
Hanyuma urumva wewe wari umugendanyi w’umukuru w’Igihugu iyo nkuru umupilote ayikubariye muri uwo mwanya wifashe gute, wayakiriye gute ?
Kubera dusa n’ukwo yari jewe ndongoye abo bandi bose twari kumwe, umu pilote avyumvise ukwoonyi yarampamagaye ndamwegera muri cabine arambarira anyongorera ati ngaha ibara ryaguye, ya ndege yarimwo abkuru b’ibihugu bacu n’abashikiranganji yahiye, n’abarimwo bose bapfuye, ati bambariye y’uko ntashobora kwururukira ngaha ku kibuga c’i Kigali dutegerezwa kubandanya i Bujumbura . Urumva sinokubarira ukuntu numvise meze mu mutwe, naciye mpagarara gatoyi impande yiwe hanyuma ndahora mu nyuma nsubira kwicara, ndunama gatoyi kuri siege y’imbere yanje, inyuma yanje hari hicaye ambassadeur Kavakure Julien twari kumwe muri urwo rugendo, tugarukanye. Hanyuma haheze umunota nk’umwe ndahindukira ndamubarira mu gutwi nti ibintu bimeze uku n’uku n’uku, ngaha ibara ryaguye.
Mu nyuma umu pilote ndasubira kumwegera ndamubwira nti ukwo biri kwosi na twebwe ibntu bimeze uku muri aka karere kacu urabona ibihugu bisa n’ibiri mu ntambara zifatiye ku bwoko, reka ubu nyene ntitubandanye i Bujumbura , tugende ku kibuga c’i Goma abe ariho tuza kugwa tubanze dukurikirane neza ingene biriko biragenda, iwacu mu Burundi tuzoba turajayo n’ejo canke hirya y’ejo. Aca arambarira ati reka ukwo biri kwose nse n’uwuhagana, ni twashika aho tuvugana neza na tour de contrôle i Bujumbura numvirize ico batubarira imbere y’uko tubandanya tugana i Goma. Nca nsubira mu kibanza ndicara narimwo, ndindira y’ukwo asubira kumpamagara ngo ambarire ingene bamubariye muri tour de contrôle i Bujumbura kugirango tumenye ingingo dufata ari ukuja i Goma canke ari ukuza kuri aeroport i Bujumbura .
Abantu mwari kumwe, uretse Julien Kavakure woba waravyongoreye, ntaco basomye mu maso bati ivyo ari vyo vyose umu pilote hariho inkuru idasanzwe uhejeje kumubwira ku buryo bari kukubaza bati mbega yoba akubariye iki giteye ubwoba ?
Atari ambassadeur Kavakure nabibariye buno nyene ngihejeje kuvyumva umu pilote abimbarira, abandi twararindiriye kugirango tubanze twinjire mu kirere dushobora kuvugana n’i Bujumbura tumenye iyo tuja hanyuma umuntu ashobore kubamenyesha ati ibintu vyagenze uku n’uku n’uku, ni co gituma dufashe ingingo yo kuja i Bujumbura canke yo kuja i Goma, vyari bigoye mbere n’ukubarira umuntu kuko umuntu wesi yari ameze ukuntu yamaze kuvyumva, twebwe babiri na ambassadeur Kavakure twari tumeze ukuntu mu mitwe y’iwacu ku buryo bitari vyoroshe mbere n’ugusigurira abandi ba membres d’equipage bari muri iyo ndege twarimwo.
None aho ubwiye pilote uti reka dukate tuja i Goma tubanze dukwirikirane ibintu ingene vyogenda kuko wumvise i Kigali bimeze nabi wari wiketse ko i Kigali hoba habaye iki uretse ko indege yagize isanganya wibajije ko yagize isanganya nyabaki ryogutuma ugira ubwoba uti n’i Bujumbura ntawuzi icoca gishika ?
Jewe niyumviriye y’uko ukwo biri kwosi kuba indege yari ireruye abakuru b’ibihugu bibiri, mbere n’abashikiranganji babiri b’igihugu cacu kuba yagize isanganya hejuru y’igisagara i Kigali ikaba yakorokeye, yahiriye impande y’ikibuga c’indege c’i Kanombe n’ukuvuga iriko irururuka igomba kwaterissa i Kigali, urumva sinareka kwiyumvira yuko ibihejeje kubera hejuru y’i Kigali bishobora kuba bifatanye n’ibishobora kuba mu Burundi kuko n’ahaanyi umutekano ntiwari bwagaruke nk’uko bikwiye ninaco gituma mbere twari twagiye muri iyo nama yari yabereye i Dar es Salama uwo munsi.
Wewe rero wariketse uti indege bashobora kuba bayirashe mbere uranibaza uti ishobora kuba yarashwe na ba naka ?
Nta kindi kintu canjemwo mu mutwe atari uko iyo ndege iza kuba yagize isanganya muri ubwo buryo, kuko urumva uko biri kwose yari yashitse igomba kwururuka i Kigali . I Kigali ntahari hameze neza kuko hari imigwi muravyibuka irindiriye ko abanyepolitike bumvikana ikaja mu gisirikare muravyibuka FPR ntiyari bwinjire neza mu gisirikare c’Urwanda mugabo yari ngahoonyi isa n’iyiri muri cantonnement hirya no hino, urumva abasoda b’i Rwanda n’aboonya mwahora muvyumva bari bameze nk’abagishamiranye n’aho bari bamaze gusa n’abegeranirizwa ahantu hamwe.
Ariko kugirango mwikeke nk’ivyo none mukiri i Dar es Salaam mu nama mwaravuze yuko Prezida Mobutu wa Zayire ariyo yahavuye iba Republika iharanira Demokrasi ya Kongo atari yaje kandi ari nawe yasa n’uwateguye iyo nama hari ikintu mwiketse mwabona muti naho Havyalimana atashe mu maso turabona ko hoba hari ikintu kitameze neza ku buryo mwari kuba mwariketse muti harashobora kuba ikintu kugirango murinde mwibaza mwumvise ibibaye muti ivyo ari vyo vyose indege yoba yagize isanganya mu buryo bw’ukwo hari abayirashe, hari ikintu mwigeze mwikeka mukiri i Dar es salaama ko numva umwe mu bo mwategerezwa kuba muri kuwe ataje ?
Tukiri i Dar es salaama mu nama, n’inama irangiye, nta kintu umuntu yiketse. Mugabo iryo sanganya rimaze gushika, aho tuvyumvise turi mu ndege y’iwacu twagiyemwo, kubera mw’ijoro rishira itariki zitandatu, hari ku munsi wa kane z’ukwezi kwa kane, ku kirimba kwa Prezida Ntaryamira bagumye bavugana n’ivyuma vya kijambere, bimwe ya terefone bita satellitaire n’abo ku kirimba kwa Mobutu. Mobutu yari yavuze, arabuza prezida wacu Ntaryamira Sipriyano yuko ivyo vy’iyo nama boreka ko iba uwo munsi kuko ngo hari ibintu bitameze neza yari yumvise, canke yabonye, ntivyari bitomoye neza, n’ukuvuga ko yari yatubujije y’uko tugenda muri iyo nama nawe nyene aravuga ati mbere jewe naho ari jewe nari nayiteguye iyo nama ku munsi wa kabiri mu nama yabereye i Badolite, jewe sinza kubera izo mvo, ati na mwebwe ni mugume ngaho tuzobitegura ukundi mu minsi iri imbere. Murumva ko maze kwumva ko indege ya Havyalimana yahiye igakoroka n’abarimwo bose bapfuye naciye ngira iciyumviro c’uko ivyo umukuru w’igihugu wa Zayire muri ico gihe Mobutu Sese Seko yari yavuze vyasa n’ivyo naho atari yabitomoye neza.
None avuga ati hariho ibintu bidahagaze neza mwoba mwaramenye ko hari mu Burundi canke ko hari mu Rwanda ?
Ivyo vyari bigoye kumenya ivyo bintu bitameze neza ivyo arivyo kuko ntiyatomoye, ntiyatomoye neza ngo avuge ati hateguwe ibi n’ibi n’ibi canke twumvise ibi n’ibi n’ibi biza gushika. Yavuze ati hari ibintu bitameze neza jewe mbere sinza kuza muri iyo nama ati na mwebwe ntimugende tuzobitegekanya ukundi mu minsi iri imbere, urumva yuko umuntu yumvise ati ivyo bintu vyabaye yari yumvise ivyo mwijoro rishira kuri uwo munsi inama yabereyemwo nta kindi kintu canjemwo mu utwe, umuntu yaciye yiyumvira ati vya bindi Prezida Mobutu yari yavuze ni ivyo bibaye.
None ni kubera iki umukuru w’igihugu c’Uburundi yacishije iruhande iyo nama akayijamwo kandi wumvise yamuburiye ati mwosiba vyoba vyiza kuko ibintu ntihagaze neza ?
Umuuru w’igihugu c’Uburundi, kubera y’uko yari afise ishaka ry’ukugarukana amahoro muri iki gihugu cacu c’Uburundi, yagize ati ukwo biri kwose nshoboye gushika ko iyo nama iba ngashika kuvyo dutegerezwa gushikako noshobora ugarukanira amahoro iki gihugu cacu ningoga na ningoga bishobotse. Ni co gituma yagize ati ukwo biri kwose iyo nama ko twayiteguye tukayitegurana, n’aho prezida Mobutu atayizamwo ko abandi baza kuyizamwo kandi baza gushika ku ngingo kanaka ijanye no kugarukana umutekano muri iki gihugu sinosiba kuko ni jewe nkeneye uwo mutekano mu gihugu cacu.
Mwoba none mwaramenye none niba baravuganye n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Prezida Havyalimana kugirango iyo mburi ya Mobutu no mu Rwanda ko nabo nyene boba barayironse ?
Biragoye kumenya kuko jewe ubwanje sinigeze menya yuko prezida havyarimana yoba yararonse iyo nkuru nawe imubuza kugenda muri iyo nama y’i Dar es Salaama. Ariko vyontangaza kuko twoba twavuye ngahatutazi yuko Prezida Havyarimana tuza guhurira hariyaanyi mu nama kuko urumva Prezida Mobutu amaze kuvuga y’uko atagenda kugira umukuru w’igihugu cacu agire ati ukwo biri kwosi n’aho prezida Mobutu atagiye abandi ko baza kugenda n’ukuvuga y’uko inama iza kuba kumbure igashika ku ngingo yari yashitseko. N’ukuvuga yuko uko biri kwose tuva ngaha twebwe prezida Ntaryamira Sipriyano yari azi yuko prezida Havyarimana bihurira mu nama…
Sinzi ko umaze kwuva ko hari abantu bahora bavuga ngo hari n’umumenyeshamakuru yoba yaravyanditse ati prezida Havyarimana ari i Dar es Salaam yarumvise yuko hari ibintu vyoba bidahagaze neza i Ikigali aravuga ati reka nitwaze umukuru w’igihugu c’Uburundi abo bafise umugambi mubi kumbure ni babona turi kumwe n’umukuru w’igihugu w’ikindi gihugu baraheza umugambi wabo bawureke. Iyo nkuru hari iyo umaze kwumva ?
Ivyo naravyumvise ariko jewe sinovyemeza ko vyagenze ukwo vyoba vyagenze ukwo kubera yuko ukwo biri kwosi bava i Dar es Salaam nta kintu na kimwe twabonye co kwikeka. Ni nk’ukwo twari twavuye i Badolite ku munsi wa kabiri mu nama yari yahabereye itegura iyo nyene yabaye ku munsi wa kane itariki zitandatu niyumvira y’uko umukuru w’igihugu cacu Sipiriyano Ntaryamira yasavye lift n’ukwo yahora ayisaba ata bindi bindi biri inyuma kandi niyumvira yuko na prezida w’urwanda Juvinali Havyalimana yamuhaye lift nk’uko yari yayimuhaye mu minsi ibiri iheze bava i Badolite.
Reka rero tugaruke mu rugendo mwarimwo murashitse muri ico kirere c’Urwanda, barababwiye bati ntimuze ngaha i Kigali bati bandanya i Bujumbura muti twobanza tukahareka umupilote ati reka twegereze tubaze inkuru y’ingene i Bujumbura vyifashe. Bababwiye inkuru nyabaki ?
I Bujumbura umu pilote amaze kuvugana na tour de contrôle ngaha i Bujumbura yamubariye umu pilote ati ahubwo prezida Ntibantungnya arabarindiriye kuri Palais iwiwe aza yabarungikiye n’imodokari ziwe zirabarindiriye, yari umukuru w’Inama nshingamateka ati ziza ziri ngahaanyi zirindiriye ko mushika kandi yavuze yuko mushitse muca mugenda ku kirimba iwe buno nyene ata handi na hamwe muciye. Hanyuma bimeze ukwo urumva kubandanya tuja i Goma vyaciye bivamwo hanyuma turabandanya mu Burundi dusanga ibintu bimeze ukwo babitubariye kuri aeroport twinjira mu modokari za Umukuru w’Inama Nshingamateka Ntibantunganya tugenda ku kirimba iwe.
Mushitse mwasanze umukuru w’inama nshingamateka Ntibantunganya afise inkuru nyabaki yoba yaje iva i Kigali ?
Yari yamaze kwumva ivyabayeco kimwe n’abandi barundi batari bamwe kuko amaradiyo ari ngaha iwacu n’ayo mbere w’isi Abarund bakunda kwumviriza nka za RFI na za BBC yaba yamaze kuvug ivyabaye, wewe yaciye atangura gukoranya abategetsi batari bamwe bo muri iki gihugu kugirngo barabe ingene bahumuriza Abarundi kuri ivyo vyari bibaye. Ni naco gituma ku kirimba iwe twahasanze abategetsi batari bake, ntobanza kudondagura amazina, ariho bari kugirango barabe ingene bahumuriza Abarundi. Mu masaha yitereye yo mu ma saa tanu y’ijoro arenga mbere barashoboye no gusohora itangazo ryo kubarira Abarundi ingene bifata kuri uwo mwanya duhejeje kubura Umukuru w’Igihugu cacu n’abashikiranganji babiri.
Hariho ikibazo kuva urwo rupfu rubaye, urabona haraheze imyaka itari mike c’ukumenya ingene urupfu rw’Umukuru w’igihuguc’Uburundi ni co kimwe n’Umukuru w’igihugu c’Urwanda rwagenze ariko reka tuvuge ivyerekeye Umukuru w’igihugu c’Uburundi. Muri Leta yariho ico gihe n’izagiye zirakurikirana hari ikintu cakozwe kigaragara gushika ubu cotuma abarundi bamenya bati urupfu rw’Umukuru w’igihugu rwagenze uku, iyo ndege yarimwo yahuye n’isanganya iri n’iri kugirango mbere binakenewe igihugu kizosabe indishi y’akababaro imiryango ironke indishi y’akababaro ?
Novuga nti birababaje kuko ni vyo Umukuru w’igihugu cacu Sipiriyano Ntaryamira yaguye mw’isanganya mu gihugu c’Urwanda mugihe ibi bihugu vyacu no muri aka karere bisa n’ibikirimwo intambara imvururu hirya no hino birumvikana yuko ama Leta yari ahari yari afise n’ibindi bikorwa vyinshi na cane cane bijanye no kuniganira ko umutekano woruha ukaboneka ariko nta kintu na kimwe kigaragara kirakorwa kugirngo abarundi mbere n’amakungu bamenye ingene umukuru w’igihugu cacu yasize ubuzima muri iryo sanganya ry’indege y’Umukuru w’igihugu c’Urwanda. Mbere nk’uko wabivuze ama Leta ahari ashobore gusaba indishi y’akababaro. Turizeye yuko mu minsi iri imbere. Muri kazoza ngirango ukwo amahoro aza araboneka bukebuke leta zihari zizogergeza kurondera kumenya ingene ayo masanganya yabaye ahitanye umukuru w’igihugu cacu n’abashikiranganji bacu kugirango noneho dutere tuja imbere tugana gusaba indishi y’akababaro, amatohoza yamaze kwerekana iyo ni hehe iyo ndishi y’akababaro iva, ni bande babaye inyuma y’urwo rupfu rw’Umukuru w’igihugu cacu n’abashikiranganji bacu biba bimaze kuja ahabona Abarundi n’amakungu bakabimenya…