L'UPRONA DENONCE LA FAUSSE REUNIFICATION (TEXTE EN KIRUNDI)
Umugambwe UPRONA
Ibiro vy’Umukuru w’Umugambwe
Itangazo : Ijambo rishikirijwe n’Umugambwe UPRONA inyuma y’inama yo ku wa 2.8.2009.
Kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2009, niho ibihendwabana ngo nyogokuru n’umugore vyarangira. Abahenda abarundi ngo baranywanye bataye urugamba rw’iteka rwo guharanira intahe n’ingingo ubu bakaba bavuga rumwe n’abashigikiye ihonyabwoko n’amacakubiri y’amoko. Twagomba tumenyeshe icese abadasigana n’abarundi ko Umugambwe UPRONA uguma muri opposition n’ukuvuga ko ari Umugambwe utavuga rumwe na Leta n’Inama Nshingamateka. Umugambwe UPRONA usubiye kwibutsa ko ukunywana canke ibi :
1° Kuvavanura n’Amasezerano y’Arusha yakingiye ikibaba abakoze ihonyabwoko.
2° Kwinjira mu mugambi wo kwihaniza amacakubiri y’amoko n’ihonyabwoko, uwo mugambi ukaba washizwe imbere n’Umugambwe Uprona.
3° Kwemera icese ko utegerezwa kurwanya na ntaryo ihonyabwoko n’amacakuburi y ‘amoko.
4°Gusaba udahengeshanya ishingwa rya Sentare Mpuzamakungu yo guca imanza z’abagize igonyabowko.La réclamation incessante de la création d’un Tribunal Pénal Internationale pour le Burundi.
5° Kwinjira muri « opposition », n’ukuvuga kutavuga rumwe na Leta igihe cose umugambwe UPRONA utari ku butegetsi kugirango ushobore kubandanya urugamba rwo kurwanye ihonyabwoko n’uguharanira intwaro yisunga intahe n’ingingo.
6° Gusubiza iteka amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi.
7° Gusubiza amategeko mu bagira politike duhereye ku bakoze ishano ry’ihonyabwoko, abasuma n’abambuzi kugirang habe ikizira.
Mugusozera, ivyatumye Umugambwe UPRONA uja muri opposition n’ubu biracariho, imigambi usaba abarundi ko borangura niyo igezweko. Nico gituma ukunywana canke gushinga urunani bitegerezwa guca mu kwihaniza amacakubiri y’amoko n’ihonyabwoko n’ugusubira gucudika n’iragi rya RWAGASORE tutibagiye imigambi y’Umugambwe UPRONA. Mukurangiza twashaka kuremesha abadasigana ukuri guca mu ziko ntigusha.